Uko wahagera

 
Inteko z’Ubufransa Muri Mali Zarafashe Ikibanza ca Nyuma Cari Ciziziwe n’Abrwanyi b’Aba Islamu

Inteko z’Ubufransa Muri Mali Zarafashe Ikibanza ca Nyuma Cari Ciziziwe n’Abrwanyi b’Aba Islamu


Abagwanyi b'umurwi Ansar Dine mu Gisagara ca Kidal kw'italiki Cumi na Zitandatu z'Ukwezi kwa Gatandatu mu Mwaka w'2012.
Abagwanyi b'umurwi Ansar Dine mu Gisagara ca Kidal kw'italiki Cumi na Zitandatu z'Ukwezi kwa Gatandatu mu Mwaka w'2012.
Inteko z’igihugu c’Ubufransa zavuzwe ko zafashe ibisagara bitatu bikomeye, mu buraruko bw’igihugu ca Mali, gushika ejo ku musi wa gatatu, inyuma yuko Qaida bahunze ikibanza ca nyuma bari baciziziye.

Abo barwanyi ntibivunye, igihe inteko z’igihugu c’Ubufransa, n’inteko z’igihugu ca Mali zashika, ku kibuga c’indege co mu gisagara ca Kidal, imisi mikeyi inyuma yuko zifashe ibisagara vya Gao na Tombuktu.

Kuva ivyo bisagara bisubiye gufatwa ningoga, kandi bitagoranye, umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubufransa, Laurent Fabius, yatangaje kw’inteko z’igihugu ciwe zizova mu gihugu ca Mali vuba, kurusha uko vyari vyitezwe.

Inteko z’ibihugu vyo muri Afrika zirenga ibihumbi umunani, zishigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ziriko ziritegurira kurungikwa, muri Mali.

Inteko z’ibihugu vyo muri Afrika, zizoba zijejwe kugumya ibisagara vyafashwe, n’uguhiga abarwanyi b’Aba Islamu.

Abategetsi b’igihugu c’Ubufransa, bavuga kw’abarwanyi b’Aba Islamu bazimanganye, mu mihana, mu mitumba ya Adrar des Ifoghas, no mu bice vy’ubugaragwa vyo mu micungararo yaho.

Departement ya Reta ya Amerika, yarakiye neza intsinzi y’inteko ziyobowe n’igihugu c’Ubufransa, ikaba yatangaje ko bitazokworohera inteko zizosubirira Ubufransa, kugumya ibisagara biherutse guhabuzwa
XS
SM
MD
LG