Uko wahagera

Umuriro mu Kibanza Abantu Batambiramwo muri Brezil Wahitanye Abantu 232


Abajejwe Kurwanya Imiriro Bariko Bazimya Umuriro mu Kibanza Abantu Batambiramwo mu Gisagara ca Santa Maria, mu Bumanuko bwa Brezil
Abajejwe Kurwanya Imiriro Bariko Bazimya Umuriro mu Kibanza Abantu Batambiramwo mu Gisagara ca Santa Maria, mu Bumanuko bwa Brezil
Abategetsi b’igihugu ca Brezil batangaza kw’abantu amajana abiri na mirongo itatu na babiri bapfuye, abandi barenga ijana barakomereka, inyuma yuko umuriro wadutse, mu kibanza abantu batambiramwo, carimwo abanyeshule bo muri kaminuza benshi cane, mu gisagara ca Santa Maria, mu bumanuko bw’igihugu ca Brezil.

Abategetsi b’igihugu ca Brezil, batangaje kw’umuriro wadutse, mu gutondo c’ejo ku musi w’Imana, mu kibanza abantu batambiramwo, kizwi kw’izirwa rya, ‘Kiss”, mu gihe icatumye uwo muriro waduka bitaremezwa, imiriro ikoreshwa mu gihe abantu baba bariko barigina imisi mikuru, ishobora kuba ariyo yatumye uwo muriro waduka.

Uwo numwe mu miriro yihanye inkumbi cane, mu kibanza abantu batambiramwo, umuntu abigereranije n’umuriro wadutse, mu gihugu c’Ubwushinwa, mu mwaka w’2000, aho abantu amajana atatu n’icenda bapfuye, hamwe n’umuriro wadutse, mu mwaka w’2004, mu kibanza abantu batambiramwo, mu gisagara ca Buenos Aires, aho abantu ijana na mirongo icenda na bane bapfuye.

Prezida w’igihugu ca Brezil, Dilma Rousseff ,yarahagaritse urugendo yarimwo, mu gihugu ca Chil,i mu gitondo c’ejo ku musi w’Imana, akaba yaciye atahuka, mu gihugu ciwe, inyuma y’umuriro wadutse, mu kibanza abantu batambiramwo.

Santa Maria, n’igisagara gikomeye kirimwo ishule kaminuza rikomeye, kirimwo abantu bagera ku bihumbi amajana abiri na mirongo itanu.
XS
SM
MD
LG