Abategetsi b’igihugu ca Chad batangaje ku musi wa gatanu w’indwi iheze kw’inteko z’igihugu ca Chad mu buraruko bw’igihugu ca Mali zishe Abou Zeid, umuyobozi w’umurwi al-Qaida mu karerere ka Magreb
N’umusirikare w’Umufransa agira gatatu apfuye kuva igihugu c’Ubufransa kirungitse abasirikare mu gihugu ca Mali gutuza abarwanyi b’umurwi al-Qaida kw’italiki 11 z’ukwezi kwa mbere.
Abashsikirizabutumwa mu gihugu cose ca Kenya, bateye akamo k’uko amatora yoba mu mahoro.
Mu nama yagiranye na prezida w’igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi ejo ku musi w’Imana, Kerry, yatangaje ko Amerika izotanga buno nyene imiliyoni ijana na mirongo icenda z’amadolari, igice c’infashanyo y’imiliyoni amajana ane na mirongo itanu z’amadolari agenewe guha inguvu itunganywa gushasha ry’ubutunzi mu gihugu ca Misiri.
Itangazo ry’igisirikare ryasomwe kuri televiziyo y’igihugu ryamenyesheje ko Belmokhtar yishwe ejo ku musi wa gatandatu
Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Amnesty International, ryatangaje ejo ku musi wa gatandatu kw’ico gitero cabaye ku musi wa gatanu mu gisagara ca Aleppo mu buraruko bw’igihugu ca Syria
Secreteri wa Departement ya Amerika. Bamwe mu bayobozi b’abatavuga rumwe na Reta baranse kubonana na Kerry, mu kuvuga kw’abategetsi ba Reta ya Amerika bafata uruhande rw’umurwi uri ku butegetsi mu gihugu ca Misiri, Muslim Brotherhood
Chuck Hagel, yahoze ari umusenateri muri Amerika, yararahiye mu mabanga y’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, inyuma yuko habaye impari zikomeye ku vyerekeye iyemezwa ryiwe
Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubufransa, bwasavye ejo ku musi wa gatatu Abafransa kuva muri ako karere mu buryo bwihutirwa bushoboka.
Ambassadeur w’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya mu gihugu ca Zimbabwe, Aldo Dell’Aricia, yatangaje iyoroshwa ry’ivyo bihano vyakwirikiye itegurwa ry’ibwirizwa rishasha ry’igihugu ca Zimbabwe.
Ntaco Reta y’igihugu ca Syria n’imirwi igwanya ubutegetsi bavuze kuri iyo raporo yasohotse ejeo ku musi wa mbere.
Ingingo ya prezida Chavez y’ugutahuka mu gihugu ciwe, yatangajwe mu butumwa bwashikirijwe mu gitondo c’ejo ku musi wa mbere kuri Twitter
Brahimi yavuze kw’ibiganiro bihagarikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U hagati y’abagwanya Reta ya Syria n’abaserukira Reta bemewe vyofasha igihugu ca Syria gutangura kuva muvyo yise inzira y’umwiza.
Umutegetsi akomeye w’igipolisi yatangaje ko bombe yaturikijwe ejo ku musi wa gatandatu mu gice kigwiriyemwo aba Shi’ites mu gisagara ca Quetta.
Khamenei yavuze Ko bemera kw’ibigwanisho ruhonyanganda biterezwa kuzimanganywa
Papa Benedicto yatangaje mu ndwi iheze ko azotanga imihoho mu mabanga y’ukuyobora Ekleziya Katolika kw’italiki cumin a zitanu z’ukwezi kwa gatatu kubera impamvu z’amagara.
Carson yatangaje Amerika zafashije mu gutanga indege zatwaye ibikoresho vya gisirikare n’inteko z’Ubufransa na Chad muri Mali
Iryo shirahamwe, rifise icicaro, I Gikuzi, muri Komine ya Vugizo, mu ntara ya Makamba, mu bumanuko bw’Uburundi, ryashinzwe, mu mwaka w’2004
Abategetsi b’igipolisi ca Afrika y’epfo batangaje kw’abo bantu bahagaritswe mu gitondo c’ejo ku musi wa kabiri mu buraruko bw’ntara ya Limpopo mu gihugu ca Afrika y’epfo
Voma ibindi