Uko wahagera

Reta Zunze Ubumwe za Amerika Zaremeye Gufasha Igihugu ca Mali Ku Vyerekeye Umutekano Wo Mu Gihe Kirekire Kiri Imbere


Icegera ca Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, Johnnie Crason
Icegera ca Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, Johnnie Crason
Umutegetsi akomeye aserukira Amerika, mu karere ka Afrika, Johnnie Carson, yatangaje kw’intambwe izarizo zose za gisirikare zizoshikwako, mu gihugu ca Mali, zizoba iz’igihe gitoyi, mu gihe hatazoba hari Reta irangwa na demokrasi, yishura ku bikenewe n’Abanya Mali bose.

Icegera ca Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, Johnnie Carson, yabwiye umurwi w’inama nshingamateka ,ejo ku musi wa kane, ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ziteguriye gufasha gusubira kugarukana umutekano, wo mu kiringo kirekire kiri imbere, mu gihugu ca Mali.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, busanzwe bushigikiye inteko z’igihugu c’Ubufransa, zimaze ikiringo kirenga ukwezi, zigwana n’abagwanyi b’Aba Islamu, muri Mali.

Carson, yatangaje Amerika zafashije, mu gutanga indege zatwaye ibikoresho vya gisirikare, n’inteko z’Ubufransa na Chad, muri Mali.

Inteko z’Ubufransa zinjiye mu gihugu ca Mali, mu kwezi guhez,e igihe abagwanyi b’Aba Islamu, bari bafashe igice co mu buraruko bw’igihugu ca Mali, mu mwaka uheze, batangura gutera bagana umurwa mukuru wa Mali, Bamako.
XS
SM
MD
LG