Uko wahagera

Prezida wa Venezuela, Hugo Chavez Yaratahutse Avuye Muri Cuba


Prezida wa Venezuela, Hugo Chavez ari kumwe n'abana biwe b'abakobwa.
Prezida wa Venezuela, Hugo Chavez ari kumwe n'abana biwe b'abakobwa.
Prezida w’igihugu ca Venezuela, Hugo Chavez, yaratahutse, mu gihugu ciwe, avuye muri Cuba, inyuma y’ikiringo kirenga amezi abiri yari amaze, muri ico gihugu, ariko arivuza.

Ingingo ya prezida Chavez y’ugutahuka, mu gihugu ciwe, yatangajwe, mu butumwa bwashikirijwe, mu gitondo c’ejo ku musi wa mbere, kuri Twitter.

Ubwo butumwa bwashimiye Imana n’igihugu, bukaba bwatangaje kw’azobandanya kwivuza, muri Venezuela.

Abashigikiye prezida Chavez, afise imyaka mirongo itanu n’umunani, barahimbaje ayo makuru.

Chavez yibagishij,e mu kiringo c’amasaha atandatu, mu kwezi kw’icumi na kabiri, i Havana, ku murwa mukuru wa Cuba, mu bwabaye ubugira kane yibagisha, kuva vyibonekeje kw’afise cancer, hagati mu mwaka w’2011.

Mu kwezi kwa mbere, icegera ca prezida, Nichaolas Maduro, yavuze kw’amagara ya prezida Chavez, acumbagira.
XS
SM
MD
LG