Uko wahagera

Ishirahamwe ry’Ibihugu vy’I Bulaya Ryaroroheje Ibihano Ryafatiye Zimbabwe


Umuvugizi w'umugambwe uri ku butegetsi muri Zimbabwe, ZANU-PF, Rugare Gumbo
Umuvugizi w'umugambwe uri ku butegetsi muri Zimbabwe, ZANU-PF, Rugare Gumbo
Ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, ryatangaje, ko ryafashe ingingo y’ukworosha ibihano, ku gihugu ca Zimbabwe, kubera itunganywa gushasha ry’ivya politike, muri ico gihugu.

Abategetsi b’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, batangaje ko bakuyeho ingingo zaziririza abategetsi ba Reta batandatu, gutembera, kandi ko bakuyeho ingingo yazibira amatungo y’abandi Banya Zimbabwe mirongo ibiri n’umwe.

Ambassadeur w’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, mu gihugu ca Zimbabwe, Aldo Dell’Aricia, yatangaje iyoroshwa ry’ivyo bihano, vyakwirikiye itegurwa ry’ibwirizwa rishasha, ry’igihugu ca Zimbabwe.

Bitegekanijwe kw’igihugu ca Zimbabwe kigirisha amatora, kuri iyo nteguro y’ibwirizwa nshingiro, mu kwezi kuza, n’amatora mu kwezi kw’indwi.

Ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya ryafatiye ibihano, ubwa mbere, Abanya Zimbabwe ku giti cabo, mu mwaka w’2002, mu kwishura ku vyavugwa kw’ari ityozwa ry’agateka ka muntu ,ryagirwa na prezida Robert Mugabe.

Umugambwe wa prezida Mugabe, ZANU-PF, watangaje kw’ingingo y’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, y’ugukuraho gusa bimwe mu bihano, bitagira insiguro.

Umuvugizi w’umugambwe ZANU-PF, yatangaje, kw’umugambwe, ZANU-PF, utazokwigera wemera ikurwaho ry’ibihano, hari ibibanje gusabwa.
XS
SM
MD
LG