CVR Igiye Gutangura Amatohoza ku Bwicanyi bwa Ntega na Marangara

Abakozi ba CVR bacukura ibyobo byashyinguwemo abantu mu kivunge

ONU Ivuga ko Ubwicanyi bwa Ntega na Maranga Bwahitanye Abarenga Ibihumbi 15

Umugwi CVR ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi watangaje ko ugiye gutangura kurondera ukuri ku bwicanyi bwabaye mu mwaka w’1988 mu buraruko bw’igihugu, bwiswe ubwa "Ntega na Marangara".

ONU ivuga ko bwahitanye abantu barenga ibihumbi 15. Umurwi CVR wemeje kandi ko uzoca utandukira ku vyerekeye urwimo rwo mu mwaka w’1993. Yamara, aha abahaburiye ababo basigura ko ata kinini biteze kuri uwo mugwi kuko ata cizere bawufitiye.

Uwo mugwi wari umaze igihe ukorera ku bwicanyi bwabaye mu mwaka w’1972, aho ndetse wemeje ko ryabaye ihonyabwoko ryakorewe ubwoko bw’Abahutu.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru ni we adushikiriza ino nkuru.

Your browser doesn’t support HTML5

Umurwi CVR Uzatohoza Ubwicanyi bwa Ntega na Marangara