Uko wahagera

CVR Ihakana ko "Abo Izura Bose Ivuga ko Bari Abahutu Bishwe mu 72 "


Pierre Claver Ndayicariye mu bikorwa vyo kwerekana ibisigarira vyatowe mu ntara ya Mwaro
Pierre Claver Ndayicariye mu bikorwa vyo kwerekana ibisigarira vyatowe mu ntara ya Mwaro

Mu Burundi, umurwi w'igihugu ujejwe kunywanisha Abarundi, CVR, urahakana ivyo umaze imisi wagirizwa ko witiranya ibiziga vy'Abantu uzura vyose ukavyitirira Abahutu bagandaguwe muri 1972.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umukuru wawo Pierre Claver Ndayicariye yemeje ko n'ubwo umurwi atwara uriko werekana gusa ivyo utohoza ku mabi yakozwe ico gihe n'ayabaye mu bindi biringo utayibagira.

Ndayicariye yemeza ko mbere n'ubwo uyu musi Reta yohagarika ibikorwa vya CVR hoboneka icegeranyo rusangi gishimishije. Ariko amwe mu mashirahamwe yagiriza uwo murwi ko uryanisha aho kwunga Abarundi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi mu buraruko bw’Uburundi, Pierre Claver Ndayicariye arongoye umurwi CVR yadondaguye intara uwo murwi umaze kugiramwo amatohoza. Nazo ni: Karusi na Gitega hagati na hagati hashira ubuseruko, Muramvya na Mwaro hagati na hagati mu gihugu, Bururi, Makamba na Rumonge mu bumanuko bushira uburengero, Muyinga na Kirundo mu buraruko bushira ubuseruko no ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura.

Mu kurindira abaza kubeshuza, Simon Suguru, umukuru w’ishirahamwe ry’abavyeyi baburiye abana ahitwa mu Kibimba mu ntara ya Gitega inyuma y’urupfu rya perezida Melchior Ndadaye yabaye Umuhutu wa mbere yitorewe n’abanyagihugu asanga umurwi CVR ukwiye kwitonda muvyo ukora.

Ku bwa Pierre Claver Ndayicariye, icatumye umurwi wiwe wibanda ku bwicanyi bwa 1972 gusa n’ukwanka ko ibimenyetso bizimangana. Umurwi CVR uri muyo abaserukiye Abarundi mu masezerano ya Arusha muri 2000 bumvikanyeko kugira babone bongere basome kumwe kahise na kazoza. Utohoza kuvyaha vyakozwe mu Burundi kuva muri 1885 kugeza muri 2008.

Uburundi bufise amoko amwe n’igihugu kibanyi c’u Rwanda Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryemeje ko cabayemo jenoside yakorewe Abatutsi yo mu mwaka w’i 1994. Mu Burundi ho, kugeza ubu, Abatutsi n’Abahutu baracaharira ku kuntu ubwicanyi bwakorewe ababo bwokwitwa mu biringo bitandukaye.

Abahutu basaba ko urwimo rwahitanye Abahutu benshi muri 1972 rwokwitwa ihonyabwoko mu gihe Abatutsi bifuza ko ubwicanyi bwayogeje ababo muri 1993 nyabuna ari bwo bwokwitwa ihonyabwoko.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya

CVR Yagirizwa Kwitiranya Ubwoko bw'Ibisigarira vy'Abo Izura
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:57 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG