Uko wahagera

Burundi: Umurwi CVR Watanguye Kuzura Ibisigarira Vy'abiciwe mu Bururi


Mu Burundi, umugwi CVR ujejwe kunywanisha Abarundi no kumenya ukuri watanguye kuzura ibisigarira vy'abantu bishwe mu ntara ya Bururi mu bumanuko bw'igihugu muri 1972.

Iyi ntara iri muzatanguriyemwo urwimo rwo muri uwo mwaka i ruhande ya Rumonge na Makamba bihana urubibe imaze gutorwamwo ibinogo rusangi birenga 80.

Icegera c'umukuru wa CVR ahamagarira abakurambere bazi ivyabaye ico gihe gutanga ubuhamya badahengamye kugira bifashe mukunga Abarundi.

Buramatari wa Bururi we abasezeranira ko umutekano wabo urinzwe ata kibi botinya.

Kugeza ubu, umugwi CVR umaze kuzura mu ntara zitandukanye ibisigarira vy'abantu barenga ibihumbi 13 n'amaja atanu bishwe muri 1972.

Ahitwa Rwankona ku mutumba wa Kiremba, zone Muzenga, komine n’intara ya Bururi mu bumanuko bw’Uburundi niho umurwi CVR ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha Abarundi watanguriye kwimba.

Icegera c’umukuru w’uwo murwi yemeza ko muri iyi ntara iri mu zatanguriyemwo ubwicanyi bwo muri 1972.
Buramatari wa Bururi asigura ko iki gikorwa kizotuma imitima ya benshi iruhuka. Colonel Leonidas Bandenzamaso anahumuriza abantu bose bibaza ko gushikiriza ivyo bazi, bishobora kubagirako ingaruka mbi.

Icegera c’umukuru wa CVR nawe yemeza ko icifuzo nyamukuru c’uyu murwi ari ugushika kuri kazoza kisunze kahise Abarundi bose bahurizako.

Umurwi CVR umaze igihe unengwa cane n’amwe mu mashirahamwe yigenga ko ucanishamwo Abarundi aho kubunga. Abivuga afatiye ku kuntu umaze umwaka wose uzura ibisigarira vy’abantu mu rwimo rwa 1972 rwahitanye Abahutu benshi kurusha Abatutsi.

Maître Janvier Bigirimana atwara ishirahamwe « Tournons la Page-Burundi » ari mu bagaya CVR yabibwiye Ijwi ry’Amerika mu kwezi guheze mu gihe wari werekanye icegeranyo c’umwaka imbere y’inama nkenguzamateka na nshingamateka
Pierre Claver Ndayicariye yasiguriye abatowe n’abanyagihugu impamvu ubu


Umugwi CVR wemeza ko umaze kwegeranya ibisigarira vy’abantu bishwe muri 1972 birenga ibihumbi 13 n’amajana atanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG