Uko wahagera

Sahwanya FRODEBU Isaba Reta y'Uburundi Kwemeza "Ihonyabwoko Ryakorewe Abahutu"


Abanywanyi b'umugambwe Sahwanya FRODEBU
Abanywanyi b'umugambwe Sahwanya FRODEBU

Mu Burundi, umugambwe Sahwanya FRODEBU uhamagarira Reta kwemeza ko ubwicanyi bwabaye mu mwaka w’1972 ari ihonyabwoko ryakorewe Abahutu muri ico gihugu.

Ni irya mbere uwo mugambwe ushikiriza aho uhagaze kuri ico kibazo. N’aho biri uko, abacitse kw’icumu mu bundi bwicanyi nk’ubwo muri 1993 babona ko iyo ngendo atari iyo kunywanisha Abarundi.

Byavugiwe mu kiganiro cahawe abamenyeshamakuru i Bujumbura ku ngoro y’umugambwe Sahwanya FRODEBU cari kirindiriwe na benshi kuko uwo mugambwe utari bwigere ugira icushikirije ku kibazo c’ubwicanyi bwabaye mu mwaka w’1972.

Uwutwara uwo mugambwe P.Claver Nahimana yemanze ko ari ihonyabwoko, ry’ubwoko akomokamwo, we na benshì mu bagize uwo mugambwe, indongozi zawo, abawushinze nka Nyakwigendera Prezida Melchior Ndadaye incungu ya demokarasi n’abandi, ndetse aba bakaba ari abacitse kw’icumu muri ubwo bwicanyi.

Sahwanya FRODEBU wifuza ko ibikorwa vy’umugwi CVR wo kurondera ukuri kuri ubwo bwicanyi, vyoshikanwa no ku mabi ubona ko akibandanya no muri iki gihe.

N’aho biri uko, amashirahamwe yigenga aherutse gukora raporo yerekana ko uwo mugwi ufise aho uhengamiye.

Abacitse kw’icumu mu mwaka w’1993, cane cane abo mu bwoko bw’Abatutsi, na bo bongerako ko uwo mugwi CVR utitaho kurondera ukuri ku mahano yabahekuye, kandi biri mu vyo ujejwe.

Uyu mugwi umaze iminsi ukwiragira mu ntara zitandukanye no mu gisagara ca Bujumbura, mu gikorwa co kuronderera ibisigarira vy’abishwe cane cane muri 1972, baharurwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu barenga ibihumbi 300.

Mu ntumbero yo kunywanisha Abarundi, P.Claver Ndayicariye atwara uwo mugwi yibutsa ko hakwiye kuba ingendo yo gusabana ikigongwe. Ibi, bamwe mu bacitse kw’icumu babona ko atari umuti urama mu gihe ikigongwe kitajanye n’ubutungane.

Umugwi CVR hamwe n’ubwicanyi bwabaye mu mwaka w’1972 bimaze iminsi bitavugwako rumwe mu gihugu.

Mu mategeko mpuzamakungu, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ni ryoyonyene rifise ububasha bwo kwemeza ko hari ihonyabwoko ryakozwe mu gihugu runaka.

Burundi: FRODEBU Ishaka ko Reta Yemeza ko Habaye Ihonyabwoko Ryakorewe Abahutu
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:56 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG