Uko wahagera

Umurwi CVR Watoye Ibisigazwa vy'Abantu 1400 muri Bururi


Abakozi ba CVR bacukura ibyobo byashyinguwemo abantu mu kivunge
Abakozi ba CVR bacukura ibyobo byashyinguwemo abantu mu kivunge

Umugwi CVR ujejwe kunywanisha Abarundi no kumenya ukuri utangaza ko mu kiringo c'ukwezi wamaze wimba ibinogo rusangi vyahambwemwo abantu mu ntara ya Bururi watoye ibisigarira vy'abantu bishwe muri 1972 birenga 1400.

Umukuru w'uwo mugwi mu kiganiro yahaye abanyamakuru kuri uyu wa gatanu yavuze ko abishwe ahanini muri ako gace k'ubumanuko bw'Uburundi katanguriyemwo urwo rwimo bari incabwenge n'abacuruza bakomakomeye

Umugwi CVR umenyesha ko ibi binogo vyatowe hafatiwe ku makuru yatanzwe n’abanyagihugu bo mu ntara ya Bururi, mu bumanuko bw’Uburundi bari bafise ubwenge ico gihe. Wongerako ko abawuhaye amakuru ari Abarundi bo mu bwoko bwose, Abahutu n’Abatutsi.

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura kuri uyu wa gatanu yerekana aho ibikorwa vyo kuzura ibisigarira vy’abantu bishwe mu rwimo rwa 1972 i Bururi bigeze, umukuru wa CVR yasiguye ko hari abandi bantu benshi batazwi igitigiri batawe mu nzuzi abandi basangukira mu mashamba.

Ibi bikorwa vy’umugwi CVR vyo kuzura ibisigarira vy’abishwe muri 1972 gusa, urwimo rwahitanye Abahutu benshi kurusha Abatutsi vyarateye impari mu kiringo c’umwaka ushize n’ubwo umukuru w’umugwi yasiguye ko buno bwicanyi bwitaweho kurusha ubundi bitewe n’uko amasura ariko arashira

Mu kwezi kwa mbere hagati, abaserukira amadini barakoranye na CVR bayibwira uko babona ibintu. Musenyeri mukuru Bernard Ntahoturi yigeze kuba icegera c’umukuru w’uwo mugwi yahanuye ko hoba gushishoza kurusha. Abivuga afatiye ku karorero k’abiwe yabuze muri 1993 aho Abahutu mu ntara zitandukanye birara mu Batutsi inyuma y’iyicwa rya perezida Melchior Ndadaye yarabaye umukuru w’igihugu wa mbere wo mu bwoko bw’Abahutu atwaye Uburundi abanje no gutsinda amatora.

Musenyeri Joseph Kimararungu wo muri diyoseze ya Gitega hagati na hagati mu gihugu we yahanuye ko hobaho ubuhinga bugezweho mugutororokanya ibisigarira vy’abishwe.

Umukuru wa CVR amenyesha ko imiryango yabuze ababo n’ivyabo mu rwimo rwa 1972 isaba Reta impozamarira canke inshumbusho hamwe no kugira imigirwa ikurikira iy’umuntu apfuye mu Burundi n’ukuvuga ukugandara n’ukuganduka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG