Sudani: Reta Iratohoza ku Bwicanyi Bwabereye Darfour

Uwahoze ari Perezida Omar al-Bashir i Khartoum, Sudani, Kw'itariki 05/04/2019.

Reta ya Sudani yaruguruje amatohoza kuvyaha vyo mu ntambara vyakorewe mu ntara ya Darfur n’ubutegetsi bw'uwahoze ari Perezida Omar al-Bashir, nkuko vyashikirijwe n’umushikirizamanza mukuru w’ico gihugu kuri uyu w’Imana.

Umushikirizamanza mukuru Tagelsir al-Heber yabishikirije ashitse i Khartoum inyuma y’urugendo yarimwo muri Emirat zunze ubumwe z’Abarabu.

Ibi vyiyongereye ku mutahe mpuzamakungu Bashir yasohorewe na CPI, ku vyaha vyo mu ntambara, n’ivyaha bihonyanga kiremwa muntu.

Intambara hagati y’inteko zirwanira reta hamwe n’ubwoko bw’inkehwa yahitanye abantu bashika 300000, abandi imiliyoni 2 n’ibice 5 barahunga ingo zabo, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.