Uko wahagera

Sentare Izocira Imanza Abasirikare muri Sudani y'Ubumanuko


Abasirikare ba reta ya sudani y'ubumanuko mu gisagara ca Koch, reta ya Unity state.

Reta ya Sudani yashinze sentare idasanzwe izocira imanza abajejwe umutekano bagirizwa gukora ivyaha bitandukanye.

Umukuru w’iyo sentare yashikirije kuri uyu wa kane ko iyo sentare ari akaryo ko kurangiza ingendo yo kudahana no kugarukana ishusho nziza muri ico gisata, cagirizwa guhungabanya agateka ka muntu.

Haraciye imyaka itanu Perezida Salva Kiir yemeje itegeko ryateye imyidogo mu gihugu, riha uburenganzira abajejwe umutekano guhagarika, gufunga no gutohoza ku banyagihugu canke kwigarurira ubutunzi bwabo mu gihe bushobora kubera intambamyi umutekano w’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG