Uko wahagera

Omar al-Bashir Akurikiranwa Kuba Yarakubise Coup d'Etat


Uwahoze ari perezida wa Sudani Omar al-Bashir.
Uwahoze ari perezida wa Sudani Omar al-Bashir.

Abategetsi ba Sudani basohoye kuri uyu wa kabiri umutahe mushasha wo gufata Omar al-Bashir, asanzwe ari mw’ibohero. Uyu mutahe umwagiriza uruhara yagize muri Coup d’etat yamushikanye ku butegetsi mu 1989, nkuko amakuru ava mu banyepolitike no mu butungane abivuga.

Bashir hamwe n’abandi bategetsi bafatanije gutwara bashobora kuzocirirwa urwo gupfa canke bapfungwe ubuzima bwabo bwose, nkuko amategeko yo muri Sudani abivuga.

Uwo yahoze ari perezida wa Sudani asanzwe kandi afise iyindi mitahe ibiri yarungikiwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, kuvyaha vyo mu ntambara n’ihonyabwoko yakoreye mu ntara ya Darfour.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG