Uko wahagera

Sudani: Omar al-Bashir Yoba Azohava Ashikirizwa CPI?


Omar al-Bashir yahoze ari perezida wa Sudani
Omar al-Bashir yahoze ari perezida wa Sudani

Muri Sudani, amashirahamwe yagize uruhara mu myiyerekano yakuye Perezida Omar al-Bashir ku butegetsi bashikirije kuri uyu w’Imana ko ata ntambamyi botera yobuza Bashir kurengukishwa imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Bashir, yakuwe ku butegetsi n’abasirikare mu kwezi kwa kane, yagirizwa na CPI ivyaha vya jenoside, ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha vya kiremwa muntu, mu ntambara yabaye mu ntara ya Darfur.

Inyuma yo gukurwa ku butegetsi, CPI yarongeye gusaba Bashir kurenguka kwiregura kuri ivyo vyaha. Ariko abasirikare bari bafise ubutegetsi baranse kumutanga.

Abantu bashika 300000 barishwe, abandi imiliyoni zirenga zibiri barata ingo zabo kubw’iyo ntambara, nkuko bishikirizwa na ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG