Uko wahagera

Sudani: Umugambwe wa Omar Al-Bashir Wahanaguwe


Uwahoze ari perezida wa Sudani Omar al-Bashir.

Abategetsi bashasha muri Sudani bategetse kuri uyu wa kane ko umugambwe wa Omar al-Bashir uhanagurwa kandi n’amatungo yawo yose agafatwa. Ivyo vyari vyasabwe n’abagiye mu myiyerekano yaruhiye kumukura ku butegetsi.

Bashir hamwe n’umugambwe wiwe w’abayisilamiste, National Congress Party (NCP) watwaye Sudani kuva mu kwezi kwa gatandatu itariki 30, umwaka w’1989.

Umushikiranganji wa mbere wa Sudani Abdalla Hamdok yavuze ko iyo ngingo atari ukwihora abahoze bayoboye igihugu, ariko ari ugusubiza ubutunzi abanyagihugu banyazwe.

Bashir ari mw’ibohero ku murwa mukuru Khartoum, yagirijwe kurya ruswa. N’abandi bategetsi bari muri reta yiwe hamwe n’abakuru b’uwo mugambwe na bo barapfunzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG