Abimukira Barokotse muri Libiya Bagararije Gufungura

imfungwa z'abimukira, basigaye baryama hanze, basaba kwimurirwa mu gihugu gitekanye, itariki 07/07/2019, i Tripoli, muri Libiya.

Abimukira baheruka kurokoka mu gitero c’indege mw’ikambi bari bapfungiwemwo muri Libiya bari mu myiyerekano yo kudafungura, inyuma y’aho baterewe bombe yahitanye abarenga 50 abandi 130 barakomereka. Basaba gukurwa muri Libiya.

Iyo myiyerekano yo kwanka gufungura kuri uyu wa mbere izoba igeze ku musi wayo wa kane, nkuko bavyiganiye Ijwi ry’Amerika biciye mu buryo bwa telefone.

Ibitero vy’indege vyabaye kuri ico kigo mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri, inyuma y’aho amashirahamwe mpuzamakungu agabishije impande zibiri ziriko zirarwana muri Libiya ko abo bantu bapfungiwe mur’ico kibanza, kiri hafi y’ububiko bw’ibirwanisho, ariko abategetsi ba Tripoli barabeshuje ko ata birwanisho vyari muri ako karere.

Abategetsi bamenyesheje ko abimukira bashika 600 bari mur’ico kigo igihe caterwa.
Gushika ejo kuw’Imana, abo bimukira bari bakwije imisi itanu baryama hanze, nkuko bamwe bavyivugiye.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje ko rishobora kuzotangura kubimurira mu kindi kibanza mu mpera z’indwi, ariko bamwe baravyanka bavuga ko kwimurirwa mu kindi kigo bishobora kubashira mu kandi kaga.

Ibihumbi vy’abimukira barokotse intambara mu bihugu vyabo baracafungiwe muri Libiya, bizigiye kuzojabuka ku mugabane wa Bulaya, bararahira ko batazosubira mu bihugu vyabo aho bahunze intambara.