Uko wahagera

Zidane Yamenyereza Real Madrid Yeguye


Zinédine Zidane Yahora amenyereza Real Madrid
Zinédine Zidane Yahora amenyereza Real Madrid

Zinédine Zidane yamenyereza umurwi Real Madrid wo muri Espagne yatangaje kuri uno wa kane ko atanze imihoho nk’umumenyereza w’uwo murwi.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru Zidane yagize ati:"Nafashe ingingo yo kutabandanya mu mwaka uza. Nibaza ko ari umwanya mwiza kuri jewe no ku murwi menyereza ko nokinjura”.

Zidane batazira “Zizou” yabandanije agira ati:" Uno murwi utegerezwa kubandanya utsinda kandi urakeneye impinduka. Inyuma y’imyaka itatu, Real Madrid ikeneye impiduka.”

Mu gihe akazi ka Zidane muri Real Madrid koheze mu mwaka w’i 2020, Florentino Perez arongoye Real Madrid yavuze ko ari ingingo ibaguyeko giturumbuka batavyiteze.

Ku bibajije ko Zidane yoba atanze imihoho kugira azohave aja kumenyereza umurwi ‘’Les Bleus” w’igihugu c’Ubufaransa, yahumurije avuga ko ata mugambi afise wo kubandaniriza mu yundi murwi.

Zinédine Zidane w’imyaka 45 atanze imihoho inyuma y’imyaka itatu amenyereza Real Madrid.

Umurwi wiwe ku musi wa gatandatu watahukanye intsinzi y’igikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya bita “League des Champions” ku ncuro ya gatatu wikurikiranya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG