Uko wahagera

Zidane Arasaba Abafaransa Kudatora "Intagondwa"


Zinedine Zidane umukinyi kirangiranwa w’umupira w’amaguru w’igihugu c’Ubufaransa akaba n'umutoza wa Real Madrid
Zinedine Zidane umukinyi kirangiranwa w’umupira w’amaguru w’igihugu c’Ubufaransa akaba n'umutoza wa Real Madrid

Zinedine Zidane umukinyi kirangiranwa w’umupira w’amaguru w’igihugu c’Ubufaransa, yasavye abafaransa gukora ibishoboka vyose kugira ntibatore umukandida Marine Le Pen, yagiriza ko afise ivyiyumviro vy’intagondwa kuba perezida.

Le Pen ayoboye umugambwe, Front National, yaronse amajwi akwiriye mu ncuro ya mbere y’amatora y’umukuru w’igihugu yamutumye ahiganwa mu ncuro ya kabiri y’amatora.

Muri iki gihe ariko ahiganwa bikomeye na Emmanuel Macron wo mu mugambwe, En Marche.

Zidane avuga kw’ubutumwa bw’umugambwe, Front National bwama ari bwa bundi, kw’ari nku’ubutumwa bwo mu mwaka w’i 2002.

Mu mwaka w’i 2002, Jean Marie Le Pen se wa Marine yarashitse mu ncuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu.

Vyatumye abafaransa benshi bo mu migambwe ikomeye mu gihugu baja hamwe batora Perezida Jacques Chirac, mu ncuro ya kabiri y’amatora, kugira batume Le Pen adashika ku butegetsi.

Zidane abavyeyi biwe bimukiye mu Bufaransa bavuye mu gihugu ca Algeriya, yatangaje mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kw’iviyumviro vyiwe bitandukanye bikomeye n’ivyiyumviro vy’umugambwe Front National.

Amenyesha kw’ivyiyumviro vy’intagondwa ata na rimwe biba vyiza.

Muri ico gihe Chanceliere w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel yatangaje uno musi ku wa gatanu ko yemera ko Emmanuel Macron, umukandida mu ncuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu mu Bufransa yoba umuperezida akomeye hamwe yotsinda amatora.

Merkel avauga kw’ata mazinda na makeyi afise ku vyerekeye Macron. Yizeye kw’azotsinda amatora.

Ivyo Merkel yabitangarije ikinyamakuru, RND.

Angela Merkel avuga ko gushigikira Emmanuel Macron atar’ukuvuga kw’ariko yivanga mu matora y’umukuru w’igihugu mu Bufransa.

Yarabonanye na Macron imbere y’incuro ya mbere y’amatora y’umukuru w’igihugu mu Bufransa, yamara yaranse kuvugana na Marine Le Pen.

Nta rukundo Ubudagi bufitiye umugambwe Front National, kubera bamwe mu banywanyi bawo harimwo uwashinze uwo mugambwe, Le Pen bahakanye akatari gake kw’ihonyabwoko ry’abayahudi ryabaye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG