Uko wahagera

Cristiano Ronaldo Yabaye Umukinyi wa Mbere muri 2016-2017


Cristiano Ronaldo hamwe n'umumenyereza wiwe Zinedine Zidane, igihe Real Madrid watahukana igikombe ca UEFA muri 2017.

Cristiano Ronaldo, umukinyi rurangiranwa kw’isi mu rukino rw’umupira w’amaguru ni we yatowe kuba umukinyi wa mbere kw’isi ku ncuro zibiri zikurikirana.

Mu matora yabereye ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere i Londres ku murwa mukuru w’Ubwongereza, abagize umurwi wa FIFA ujejwe gutora, bagizwe n’abamenyereza, abakapiteni b’imirwi iserukira ibihugu, abamenyeshamakuru hamwe n’abakunzi b’imirwi bahimbawe no kwongera guha uwo munyaportugal uwundi mupira w’izahabu.

Umumenyereza w’umurwi Real Madrid Ronaldo akinamwe, Zinedine Zidane, nawe nyene yahawe agashimwe.

Abandi bakinyi babiri rurangiranwa, Messi na Neymar, bari ku rutonde rw'abahuganwa, bagaragaye ko batamuteye ubwoba mu manota.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG