Uko wahagera

Real Madrid Yatahukanye Intsinzi muri Champions League


Abakinyi ba Real Madrid bariko bigina intsinzi

Umugwi Real Madrid umenyerezwa na Zinedine Zidane watahukanye kuri uno wa gatandatu igikombe ca champions League ubugira gatatu wikurikiranije inyuma yo gutsinda Liverpool ibitsindo bitatu kuri kimwe.

​Intsinzi y'uno musi Real Madrid iyikesha ahanini umukinyi Gareth Bale yatsinze igitsindo ca kabiri kidasanzwe.

Mu gihe akanyamuneza kari kose ku bakunzi ba Real Madrid, abashigikiye Liverpool bagirije umunyezamu w'uyo mugwi Loris Karius ko batsinzwe bivuye ku gusamara kwiwe. Real Madrid itahukanye gatatu yikurikirana igikombe ca champions League.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG