Uko wahagera

Tombola ya kimwe ca kane c’igikombe c’imirwi y’umupira w’amaguru yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya, yabaye uno musi kuwa gatanu.

Umurwi Barcelone wo muri Espagne uzohura na AS Roma wo mu Butaliyano, Real de Madrid wo muri Espagne uzohura na Juventus wo mu Butaliyano, Manchester City yo mu Bwongereza uzokina na Liverpool utururuka muri ico gihugu nyene, mu gihe umurwi Bayern Munich wo mu Budagi uzohura na Seville wo muri Espagne.

Inkino za mbere za kimwe ca kane zizoba mu ndwi ya mbere y’ukwezi kwa kane mu gihe inkino zigira kabiri zizoba mu ndwi igira kabiri yako.

Tombola yabaye kandi uno musi kuwa gatanu ku nkino za kimwe ca kane c’igikombe ca Europa League.

Umurwi Arsenal wo mu Bwongereza uzohura n’umurwi CSKA Moscow wo mu Burusiya, Atletico Madrid wo muri Espagne uzokina na Sporting Lisbon wo muri Portugal, RB Leipzig wo mu Budagi uzohura na Olympique de Marseille wo mu Bufransa mu gihe umurwi Lazio wo mu Butaliyano uzokina na RB Bull Salzburg wo muri Autriche.

Inkino za mbere za kimwe ca kane c’igikombe ca Europa League zizoba mu ndwi ya mbere y’ukwezi kwa kane mu gihe inkino za kabiri zizoba mu ndwi igira kabiri

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG