Uko wahagera

USA Irajwe Ishinga n'Abanyagihugu bo muri Etiyopiya "Bageze Habi "


Samantha Power atwara ikigo c'Amerika kijejwe iterambere mu makungu, USAID
Samantha Power atwara ikigo c'Amerika kijejwe iterambere mu makungu, USAID

Amerika irajwe ishinga n'abanyagihugu bo muri Etiyopiya yemeza ko bageze habi. Samantha Power arongoye ikigo c'Amerika kijejwe iterambere mu makungu, USAID, inyuma y’urugendo yakoze ejo muri Etiyopiya yavuze ko uko umusi witera ariko ibintu vyunyuka muri Etiyopiya, abakeneye ubufasha bakiyongera.

Uwo mutegetsi wa USAID yavuze ko ivyo yabonye biteye agahinda. Yasavye ashimitse ko impande zishamiranye zitegerezwa gutanga agahengwe. Ikibabaje gusumba, nkuko yabandanije abibwira abamenyeshamakuru, ni uko hari imfashanyo zazibiwe ntizishobore gushikira abanyagihugu. Yumvikanishije ko abatanga imfashanyo babwirizwa guhabwa uburenganzira bwo gukora akazi kabo, ibitero bakorwako n’iterabwoba bagirirwa bigahagarara.

Ku kibazo co kumenya ico yibaza ku majambo yavuzwe n’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, aho yagereranije ingabo za Tigray n’ “ivyatsi bibi hamwe n’ingwara ya Cancer”, Samantha Power atwara USAID yishuye ko yababajwe n’ayo majambo atesha agaciro akami ka muntu, akanashobora gukwega izindi ngwano zishingiye ku moko.

Hagati aho, itororokanirizo ry'amakuru y'abafaransa, AFP, ritangaza ko mu gihe ibice 90% vy'abanyagihugu bo muri Tigray babeshejweho n'imfashanyo iza iva hanze y'igihugu, ubu imfashanyo iriko irabashikira itarenga ibice 10% vy'iyirungikwa n'abagira neza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG