Uko wahagera

Sudani: Impungenge ku Biziga Bigera kuri 50 Vyatowe mu Ruzi


Uruzi rwitwa Sekit Rugabanya Etiyopiya na Sudani rwabonetsemo imirambo
Uruzi rwitwa Sekit Rugabanya Etiyopiya na Sudani rwabonetsemo imirambo

Umwe mu bategetsi ba Sudani batatangajwe amazina yemeza ko hari ibiziga bigera kuri 50 vyatowe mu ruzi ruri hagati ya Sudani na Etiyopiya.

Bikekwa ko ivyo biziga vyoba ari ivy’abanyagihugu bahunga intambara mu ntara ya Tigreya iri mu ruhagarara.

Uwo mutegetsi yatanze ano makuru avuga ko ivyo biziga vyatowe n’indongozi z’intara yitwa Kassala iri mu buseruko bwa Sudani. Bamwe muri abo bantu vyaboneka ko bahitanywe n’amasasu kubera ibikomere bari bafise ku mibiri yabo, abandi nabo bari baboshwe amaboko.

Amazina y’uwu mutegetsi yaretse gutangazwa kuko ata ruhusha rwo guha ino nkuru abamenyeshamakuru yari afise. Yasavye ashimitse ko haba amatohoza yimbitse, icahitanye abo bantu kikamenyekana. Hambavu yiwe, abandi bakozi b’Abanyetiyopiya bakorera mu gisata c’amagara y’abantu ku rubibe rwa Sudani bemeje ko babonye ibiziga vy’abantu muri urwo ruzi rwitwa Setit ku ruhande rwa Sudani rwagera muri Etiyopiya rukitwa Tekeze.

Aya makuru y’ibiziga vy’abantu barashwe n’ababoshwe ashimangirwa na zimwe mu mpunzi zo muri Tigreya zahungiye muri Sudani, zemeza ko abarovyi badasiba kubona ibiziga muri urwo ruzi zigira ziti: “Turakeka hari ibiziga bitari bike bisigayeyo”.

Naho bigoye kumenya amazina y’abanyakwigendera, abavuganye n’itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, barimwo n’umuganga bemeje ko bakeka ko ari abakomoka mu bwoko buvuga ikirimi c’igi Tigrinya. Bavyemeza bafatiye ku ndasago bari bafise mu maso ziranga ubwoko bwabo n’uw’undi umwe yari afise tatuwaje (Tatoo) yanditseko izina ryiwe ry’igitigrinya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG