Abategetsi muri Sudani bavuga ko hafi impunzi z’abanyetiyopiya zirenga 3 000 zahungiye muri Sudani muri iyi ndwi, inyuma y’aho intambara mu ntara ya Tigre muri Etiyopiya itandukiriye intara ya Amhara.
Mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika, umukuru ajejwe ivy’amakambi y’impunzi muri Sudani, Alfatih Mogadam, yavuze ko ibitigiri vy’abiyandikisha bashasha basaba ubuhungiro bigeze ku bantu 1 058. Mogadam avuga ko amakambi atazoroherwa no kwakira impunzi nyinshi, kandi asaba reta ya Sudani hamwe n’amashirahamwe y’abagiraneza gufasha.
Benshi muri izi mpunzi zishasha bavuye mu ntara ya Amhara ihana urubibe na Tigre, hamwe no mu ntara ya Alfashga iri hagati ya Sudani na Etiyopiya.
Intambara muri Etiyopiya yarahungabanije cane ubuzima bw’abanyagihugu. Ibigo vy’abagiraneza nka PAM bivuga ko abantu barenga imiriyoni zitanu muri Tigre bakeneye ibifungurwa mu buryo bwihuta.
Abanyetiyopiya hafi 60 000 ni bo bamaze guhungira muri Sudani kandi bari mu makambi yo mu buseruko, hafi y’urubibe na Etiyopiya. (VOA)
Facebook Forum