Uko wahagera

Umuyobozi wa USAID Asaba ko Imfashanyo Zishikira Abazikeneye muri Etiyopiya


Abana bariko bahabwa ibifungurwa i Mekele, ku murwa mukuru w'intara ya Tigre muri Etiyopiya, kw'itariki ya 23/06/2021
Abana bariko bahabwa ibifungurwa i Mekele, ku murwa mukuru w'intara ya Tigre muri Etiyopiya, kw'itariki ya 23/06/2021

Samantha Power arongoye ikigo c'Amerika kijejwe iterambere mu makungu, USAID, hamwe n’umukuru ajejwe ivyo gutanga imfashanyo muri ONU, bategekanya kugendera Etiyopiya mu mpera z’iyi ndwi. Abategetsi bavuze kuri uyu wa kane ko uru rugendo rutumbereye guhimiriza ko ari ngombwa ko imfashanyo zishikira intara ya Tigre isinzikajwe n’intambara, mu gihe hari ubwoba ko amamiriyoni y’abanyagihugu yinjiye mu bihe vy’amapfa.

Samantha Power ategekanya kandi kuzoja muri Sudani muri urwo rugendo azotangura ku musi wa gatandatu, aho ibihugu vyo mu burengero bw’isi biriko birashigikira reta y’igisivile inyuma y’imyaka ico gihugu cari kimaze gitwarwa n’intwaro z’igikenye.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaragabishije ko imfashanyo z’ibifungurwa ku murwa mukuru w’intara ya Tigre, Mekele, zishobora guhera mu misi iri imbere mu gihe izindi imfashanyo zitokwemererwa kwinjira.

Abantu bashika imiriyoni 5 n’ibihumbi 200, bangana 90 kw’ijana bagizwe n’abo muri Tigre, babeshejweho n’imfashanyo ziva hanze, nkuko ONU ibivuga. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG