Uko wahagera

Umuhungu wa Prezida Museveni Yoba Ariko Yitegurira Kumusubirira?


Lt. Jenerali Muhoozi Kainerugaba, umuhungu wa Prezida wa Uganda Yoweri Museveni

Umuhungu wa Prezida wa Uganda Yoweri Kaguta Museveni, Lt. Jenerali Muhoozi Kainerugaba, yakukurutse mu gisirikare ca Uganda yari amazemwo imyaka 28.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Muhoozi yanditse ati:" Inyuma y'imyaka 28 ndi mu ntwazangabo zisumba ubutwari n'ubuhizi izindi zose zo kw'isi, ndanezerejwe no kubamenyesha ko ntanguye akaruhuko k'abakambwe mu vya gisirikare. Jewe na bagenzi banje, twashitse kuri vyinshi! Urukundo n'Icubahiro ni vyo vyonyene mfitiye abapfasoni n'abashingantahe bitangira umusi ku yundi Uganda mu vyiza bakora."

Ubutumwa bw'umuhungu wa Museveni bwakurikiwe n'ibibazo vyinshi vy'abakurikira amakuru yo ku mbuga ngurukanabumenyi aho benshi bagiye bavuga ko akukurutse mu ntumbero yo kwitegura ngo azosubirire se wiwe Museveni w'imyaka 77, amaze imyaka 36 ku butegetsi.

Lt. Jenerali Muhoozi Kainerugaba w'imyaka 47, ni we muhungu umwe mu muryango wa Museveni ugizwe n'abana bane. Amaze imisi aboneka ku rubuga rwa Twitter, yandika ubutumwa abasesanguzi bemeza ko burimwo ugutegura "inzira n'ubuzima bwa politike yoba yimirije gutangura". Muri ubwo butumwa, harimwo ubwo yandika yerekana ko ashigikiye Prezida w'u Rwanda yita "Uncle Wanje/ Data Wacu".

Mu butumwa bwa hagufi, harimwo nk'ubwo yanditse agabisha uwo wese yohirahira akagirira nabi Prezida Kagame, avuga ko "abarwanya uncle wanje bokwitonda". Mu bundi yanditse uno munsi amasaha ane imbere y'uko atangaza ivyo gukukuruka kwiwe mu gisirikare ca Uganda, yavuze ko "Afande Kagame ni Intwari". Abamukurikira kuri Twitter, buririyeho benshi bamubaza nimba " Se Wabo/Uncle Wawe", na Prezida Museveni bamwemereye ko yokukuruka mu gisirikare.

Liyetena Jenerali Muhoozi Kainerugaba, umukuru w'ingabo zirwanira ku butaka muri Uganda, akukurutse inyuma yaho mu mpera z'ukwezi kwa mbere, akoze urugendo rw'umusi umwe mu Rwanda. Muri urwo rugendo, yabonanye na Prezida w'u Rwanda Paul Kagame, baganira ku mubano wa Uganda n'u Rwanda haheze imyaka itandatu urimwo icuka kibi. Yari aheruka kandi kuja kuraba Prezida wa Kenya, yongera yakira na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo muri Uganda.

Kugera ino saha, ntaco igisirikare ca Uganda kiratangaza ku vy'ugukukuruka kwa Lt. Jenerali Muhoozi Kainerugaba w'imyaka 47. Nta n'ico kandi Muhoozi ubwiwe aratangaza ku bimuvugwako ko yoba akukurutse kugira yitegurire kuzohava asubirira se wiwe, umuperezida wa mbere amaze imyaka myinshi ku butegetsi mu karere ka Afurika y'Ubuseruko.

  • 16x9 Image

    Diane Nininahazwe

    Diane Nininahazwe akorera igisata c'Ikirundi n'Ikinyarwanda kuva mu 2015. Imbere yo gutangura gukorera ku cicaro gikuru i Washington-DC nk'umumenyeshamakuru n'uwushinzwe imbuga ngurukanabumenyi z'ico gisata (Digital Lead), yakoreye Ijwi ry'Amerika mu Burundi, i Buraya ku murwa mukuru w'Ubudagi i Berlin, no mu gisagara ca Los Angeles muri Reta ya California iri mu burengero bushira ubumanuko bw'Amerika. Umwuga wo kumenyesha amakuru yawutanguye mu 2004 aho yakoreye ibimenyeshamakuru bitandukanye birimwo iradiyo yigenga Bonesha Fm n'ikimenyeshamakuru c'Abafaransa, Le Point Afrique. Imbere yo gukorera Ijwi ry'Amerika, Nininahazwe yarakoze nk'umumenyeshamakuru yigenga ibiganiro vy'amashirahamwe yigenga arimwo iryo mu Buholande, La Benevolencija, iry'Abanyamerika, PSI, iry'Abadagi, EIREN, na CED-Caritas Burundi. Kuva mu 2011, ari mu murwi w'abamenyeshamakuru igisata ca ONU kiraba ivy'ubutunzi, UNECA, gikoresha nk'abigenga mu gukurikirana amanama mpuzamakungu ku vy'ihindagurika ry'ibihe n'iterambere rirama. Afise impamyabushobozi ya kaminuza mu gisata co kumenyesha amakuru mu bijanye n'iterambere (Communication Pour le Développement), n'urupapuro mu vy'umwuga wo kumenyesha amakuru muri rusangi (Multimedia Journalism). Amaze gutahukana ubushimwe butandukanye mu vy'ukumenyesha amakuru burimwo bubiri mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG