Uko wahagera

Urubibe rwa Uganda n'u Rwanda Rurasubira Kwugururwa kuwa 31 z'ukwa Mbere


Reta y’u Rwanda yatangaje ko kuva kw’itariki ya 31 z’uku kwezi kwa mbere, 2022 urubibe rw’i Gatuna, ico gihugu gihana na Uganda ruzosubira kuba nyabagendwa.

Ibi biri mu rwandiko rwasohowe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bw’u Rwanda, kuri uyu wa kane.

Reta y’u Rwanda ivuga ko inyuma y’urugendo mu Rwanda rwa Liyetena Jenerali Muhoozi Kainerugaba, umugaba mukuru w’ingabo zirwanira ku butaka za Uganda akaba n’umuhungu wa Perezida Yoweli Museveni, rwabaye kw’itariki ya 22 z’uku kwezi kwa mbere, reta y’u Rwanda yafashe nka nkama ko hari ibiriko birakorwa kugira ibibazo vyashikirijwe n’u Rwanda bitorerwe umuti. U Rwanda ruvuga kandi ko bigaragara ko Uganda ifise ubushake bwo gukemura ibindi bibazo bigisigaye.

Nkuko biri no ku zindi mbibe, abategetsi b’u Rwanda na Uganda bazokorera hamwe mu gushira hamwe ingingo zizotuma haba uruja n’uruza rw’abantu ariko hubahirijwe ingingo zo kwirinda ikiza ca COVID-19.

Uru rwandiko ruvuga kandi ko reta y’u Rwanda yiyemeje kubandanya mu twigoro two gukemura ibibazo bisigaye hagati y’u Rwanda na Uganda. Ivuga kandi ko itangazo ryo kuri uyu wa kane ari ikimenyetso ciza kizofasha mu kugaruka vuba mu migenderanire myiza hagati y’ivyo bihugu bibiri yari yaratosekaye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG