Uko wahagera

Umwanditsi Yagirizwa Gutuka Umuhungu wa Perezida Museveni Yahunze


Umwanditsi w'Umuganda Kakwenza Rukirabashaija
Umwanditsi w'Umuganda Kakwenza Rukirabashaija

Umwanditsi w’Umuganda akurikiranwa n’ubutungane kubwo kunegura umuhungu wa Perezida Yoweri Museveni yahunze igihugu, nkuko bivugwa n’umushingwamanza wiwe.

Eron Kiiza, umushingwamanza wa Kakwenza Rukirabashaija, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko uwo mwanditsi yahunze igihugu kuri uyu wa gatatu, inyuma y’imisi ibiri ubutungane bwaranse kumusubiza pasiporo yiwe.

Kiiza yavuze ko uwo aburanira aza yarashitse mu gihugu kibanye c’u Rwanda kandi ko ariho ariko ageragereza kuja mu Buraya.

Kakwenza yari yasavye sentare kumukomorera pasiporo yiwe kugira aje mu gihugu c’Ubudagi kwakira agashimwe yahawe n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abanditsi, PEN International, no kwivuza inyuma yo gukubagurwa igihe yari apfunzwe n’igisirikare. Avoka wiwe yavuze ko Kakwenza yabonye ko ata yandi mahitamwo yari asigaranye atari uguhunga igihugu.

Kakwenza yafashwe mu kwezi kwa cumi na kabiri 2021 aca afungirwa mw’ibohero rya gisirikare indwi zibiri imbere yo kungururizwa mw’ibohero rya reta. Yahavuye arekurwa mu kwezi guheze atanze ingwati, ariko yari agikurikiranwa ku caha co gutuka Lt. Jenerali Muhoozi Kainerugaba, umuhungu wa Perezida Yoweri Museveni.

Uwo muhungu abonwa ko ari we ashobora kuzosubirira Museveni mu matora yo mu 2026.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG