Uko wahagera

Umugambwe wa Netanyahu Uza Ubwa Kabiri mu Matora


Netanyahu na Gantz
Netanyahu na Gantz

Ibiharuro bisa nk’ivya nyuma mu vyavuye mu matora muri Isirayeri vyerekana ko umugambwe "Bleu-blanc" wa Benny Gantz wegukanye ikibanza ca mbere, uwo umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu nawo uronka ica kabiri.

Umurwi ujejwe gutunganya amatora muri ico gihugu wavuze ko uza kwemeza burundu ivyavuye muri ayo matora umaze gusubiramwo ibiharuro vyo mu biro14 vyibonekejemwo utwa sorobo.

Ibitigiri ubu uwo murwi uhagazeko vyerekana ko umugambwe Bleu-blanc wa Benny Gantz ufise intebe 33, mu gihe Likoud wa Benjamin Netanyahu ufise 31 ku ntebe 120 zigize inama nshingamateka.

Ubundi kugira umugambwe wemererwe gushinga Reta bisaba ko uronka intebe 61 kuri izo 120. Perezida wa Isirayeri Reuven Rivlin ku wa Mungu bitegekanijwe ko atangura imishikirano n’abaserukira imigambwe igize inama nshingamteka kugira batange abakandida bazogira Reta.

Umushikiranganji Benjamin Netanyahu amaze imyaka 13 ku butegetsi yasavye uwo babangabanganywe Gantz kwiyorosha bagashinga Reta y’ubumwe igizwe na bose.

Gantz naho atanka ivyo asabwa na Netanyahu avuga ko abwirizwa kuba umushikiranganji wa mbere muri iyo Reta kuko ari we yatahukanye amajwi menshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG