Uko wahagera

Isirayeli Irahakana Gusuma Urusaku kuri Perezida Trump


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu ashikiriza ijambo i Ramat Gan, hafi ya Tel Aviv, Isirayeli, itariki 10/09/2019.
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu ashikiriza ijambo i Ramat Gan, hafi ya Tel Aviv, Isirayeli, itariki 10/09/2019.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu arahakana amakuru avuga ko Isirayeli yashize utwuma dusuma urusaku hafi ya Maison Blanche i Washington, avuga ko ari amakuru y’ibihimbano.

Umuvugizi wa ambasade ya Isirayeli i Washington, Elad Strohmayer, nawe nyene arahakana ayo makuru yashizwe ahabona n’ikinyamakuru co muri Amerika Politico, candikira kuri interineti.

Ikinyamakuru Politico canditse kuri uyu wa kane ko reta ya Amerika yemeza ko Isirayeli, igihugu gicuditse cane na Amerika, coba arico cashize utwo twuma hafi ya Maison Blanche no mu bindi bibanza bikomeye ku murwa mukuru w’Amerika.

Utwo twuma tuzwi nka StingRay, twari twashiriweho gukurikirana no gusuma urusaku kuri perezida Donald Trump, ariko ayo makuru yongerako ko bitazwi ko Isirayeli yoba yarashitse kuco yagomba.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG