Uko wahagera

Netanyahu Ariteguye Kuganira kuri Reta y'Ubumwe


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu ashikiriza ijambi i Ramat Gan, hafi ya Tel Aviv, Israeli, kw'itariki 10/09/2019.
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu ashikiriza ijambi i Ramat Gan, hafi ya Tel Aviv, Israeli, kw'itariki 10/09/2019.

Umushikiranganji wa mbere wa Israeli Benjamin Netanyahu yashikirije mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu ko arindiriye ivyavuye mu matora, ariko kandi ko yiteguye kuganira kugira hashingwe reta ikomeye ishimikiye kw’idini ry’abayahudi.

Yabishikirije mu gihe ibiharuro vyari bimaze kumenyekana ejo kuwa kabiri vyerekana ko umugambwe wiwe Likud ubangabanganwe cane n’uwo uwahoze ari umukuru w’ibiro vya gisirikare Benny Gantz.

Abarwanya Abayahudi bagizwe n’imigambwe y’abarabu yiyunze mu runani muri Isirayeli, abo bigaragara ko bashobora kuba aba gatatu mu nama nshingamateka.

Netanyahu ni umushikiranganji wa mbere atwaye igihe kirekire Isirayeli. Ashobora mu ndwi ziri imbere kwagirwa n’ivyaha vyo kurya ruswa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG