Uko wahagera

Netanyahu Asaba Ishirwaho rya Reta y'Ubumwe muri Isirayeri


Ifoto ya Benjamin Netanyahu na Benny Gantz,
Ifoto ya Benjamin Netanyahu na Benny Gantz,

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benjamin Netanyahu yahamagariye kuri uno wa kane Benny Gantz bahanganye mu matora kuja hamwe bagashinga Reta ihuriyemwo bose. Yaba umugambwe wa Netanyahu canke uwa Gantz nta n’umwe wakwije amajwi asabwa kugira hashingwe Reta.

Umugambwe Likoud wa Netanyahu wegukanye intebe 55, Bleu et Blanc wa Benny Gantz nawo uronka 56 mu gihe umugambwe kugira wemererwe gishinga Reta ubwirizwa kuronka intebe 61.

Mu butumwa bugufi bwa videwo Nyetanyahu yabwiye mugenzi wiwe Gantz ko ishingwa rya Reta y’ubumwe ryari ribwirijwe kwihuta ku neza y’igihugu n’abanyagihugu babahanze amaso. Mu majambo yiwe yagize ati: " Sinshigikiye incuro ya gatatu y’ano matora, reka twicarane bitarenze uno munsi ushinge iyo Reta”.

Ntibiramenyekana ko Benny Gantz ahava yemera akamo ka Netanyahu. Akaramuka yemeye, agafindo kazoba gasigaye azoba ari ukumenya uwuzoheza akaba umushikiranganji wa mbere hagati y’abo banyepolitike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG