Uko wahagera

Uburundi Butewe Impungenge n'Abashobora "Kubutera Bavuye mu Rwanda na DRC"


Bamwe mu bajejwe gucungera umutekano mu Burundi
Bamwe mu bajejwe gucungera umutekano mu Burundi

Igisirikare c'Uburundi kivuga ko gitewe impungenge n'imirwi y'abantu bitwaje ibirwanisho ishobora gutera Uburundi ivuye mu Rwanda na Congo canke igatera ivyo bihugu bibiri iciye ku butaka bw'Uburundi.

Kugira cirinde uwo mutekano muke, kimaze imisi gitunganya imibonano mu makomine yose y'intara zihana urubibe n'ivyo bihugu bibanyi kugira gisigure amayeri yose imirwi y'abarwanyi ikoresha haba mu kuresha abayijamwo canke mu kwinjiza ibirwanisho.

Intara zerekewe n’iyo mibonano ni zitanu: Muramvya, Cibitoke, Bubanza, umurwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura n’intara ya Bujumbura benshi bazi kw’izina rya Bujumbura rural.

Imirwi itumirwa iruhande y’abagize inzego z’umutekano no kwivuna abansi ni: abakuru b’imitumba, abagendesha amapikipiki n’amakinga aca amafaranga, abarongoye amashure yisumbuye, abakukurutse mu gisirikare n’igiporisi, urwaruka rwahejeje amashure yisumbuye rutararoka akazi, abaserukira amadini n’imigambwe hamwe n’abaremeshakiyago bo ku misozi.

Careme Bizoza, buramatari wa Cibitoke asaba abanyagihugu bose kwifata bakitwara nk’abajejwe umutekano aho kwiyumvira ko ari igikorwa c’abasirikare n’abaporisi gusa.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:58 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG