Uko wahagera

Polisi y'Uburundi Yerekanye " Abarwanyi" Barungitswe n'u Rwanda


Ifoto y'"abarwanyi" Berekanywe uno musi ku wa kabiri na polisi y'Uburundi
Ifoto y'"abarwanyi" Berekanywe uno musi ku wa kabiri na polisi y'Uburundi

Igipolisi gisigura ko cashatse kwerekana ko bakiri bazima kandi ko bazocirirwa urubanza rubereye.

Igipolisi c’Uburundi cerekanye kuri uyu wa kabiri abarwanyi 19 b’Abarundi baheruka kurungikwa n’igihugu c’u Rwanda mu kwezi kw’7 guheze. Igipolisi gisigura ko cashatse kwerekana ko bakiri bazima kandi ko bazocirirwa urubanza rubereye.

Bose uko ari 19 berekanywe n’igipolisi i Bujumbura, bari babohanye babiri babiri. Babonetse bambaye neza amapantalo n’amashati. Umumenyeshamakuru yababonye abegereye yemeje ko harimwo n’abambaye impuzu nshasha.

Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano yasiguye ko abo bagabo 19 bari bamaze imisi babarizwa mu biro bitandukanye vy’igipolisi karuhariwe kijejwe amatohoza.

Iyo ntwazangabo mu gipolisi yemeje ko abo bagabo bagirizwa kuja mu migwi irwanya reta y’Uburundi no kugaba ibitero bitandukanye. Abo "barwanyi "19 bafashwe mu kwezi kw’10 umwaka uheze, mu karere ka Nyaruguru Intara y’amajepfo y’u Rwanda, ihana urubibe n’Uburundi, nk’uko vyatangajwe ico gihe n’igisirikare c’u Rwanda.

Igihe berekanwa n’igisirikare c’u Rwanda, bemereye abamenyeshamakuru ko bagize umuhari Red-Tabara. Uno musi, igipolisi c’Uburundi cerekanye abandi basore 5 gisigura ko bari kumwe n’aba ariko bobo bafise iyindi ntumbero yo gukora iterabwoba.

Alexis Sinduhije ashirwa mu majwi n’igipolisi ko ari we arongoye umuhari, RED-TABARA, abo bafashwe barimwo, aheruka kurungikirwa umutahe mpuzamakungu wa kabiri wo kumufatira iyo yahungiye mu gihugu c’Ububiligi. Ubuheruka yarahakaniye Ijwi rya Amerika ko ata ruhara na rumwe afise muri ivyo vyagiriji.

Inyuma y’aho u Rwanda ruhereye abo barwanyi Uburundi, iki gihugu naco giheruka guha u Rwanda abakirwanya barenga 10 bafatiwe mw’ishamba rya Kibira rifatanye n’ishamba rya Nyungwe mu Rwanda.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru Akorera Ijwi ry'Amerika mu Rwanda

Aberekanywe Batanzwe n'u Rwanda mu Kwezi kw'Indwi
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:44 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG