Uko wahagera

Burundi: Abagera kuri 2 Baguye mu Gitero Cakomerekeje 8 i Gitega


Ishusho y'ikirwanisho ca Grenade
Ishusho y'ikirwanisho ca Grenade

Abantu bashika kuri babiri baguye mu gitero ca grenade cakozwe mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana ku mugwa mukuru wa politike i Gitega. Abandi bantu bagera ku munani bakomeretse. Iyo gerenade yatewe abanyagihugu bagizwe ahanini n'abanywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi bari mu kirabo nk’uko vyemezwa n’amasoko y’Ijwi ry’Amerika aho i Gitega.

Ikirabo catewe kiri ku masanganzira y'amabarabara Gitega-Ngozi-Muyinga hagati na hagati herekeza uburaruko bushira ubuseruko bw’igihugu. Ni i ruhande y’ahahagarara imodokari zunguruza abantu n’ibintu ku gituro kizwi nka Zege.

Iki kirabo kiri ku mutumba Rutegama, muri komine n'intara ya Gitega. Cakozwe ku banyagihugu bariko bagira umusi mukuru wo kwinjira ibiro vy'umutumba, nk'uko bivugwa n'umwe mu bajewe intwaro yatowe kuri uwo mutumba atashimye ko umwidondoro wiwe umenyekana.

"Turiko turajana ku bitaro vy'akarere abakomeretse", ni ko umwe mu bajejwe intwaro mu nzego z’ibanze yavuze umwanya muto inyuma y’ico gitero. Amakuru ava muri ako karere avuga ko benshi mu bari muri uwo musi mukuru bari abanywanyi b'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi.

Rimwe mu masoko yo mu gipolisi ryemereye Ijwi ry’Amerika ko ayo makuru ari yo. "Abantu babiri baciye bapfira aho nyene. Hari n'abandi benshi bakomeretse. Bajanywe kuvurirwa ku bitaro. Inyamira mabi yahashitse kuraba ivyabaye", ni ko yavuze.

Mu mushuhira, abantu benshi bahagaritswe n'igipolisi, nk'uko bishikirizwa n'ababibonye. Ariko bane bikekwa kuba bagize uruhara muri buno bwicanyi ni bo bagumye bafungiwe mu gasho k’igipolisi ku mugwa mukuru wa politike nk’uko twabibwiye n’amasoko yacu mu nzego z’umutekano.

Undi muntu agira gatatu yishwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa Mungu ni umugabo aba ahitwa Gasekanya muri komine Gitaramuka, intara ya Karusi hagati na hagati hashira ubuseruko, ihana urubibe na Gitega.

Uwishwe yamenyekanye umwidondoro akaba yitwa Bernard Inamoya. Yishwe arasishijwe inkoho yo mu bwoko bwa pistolet. Musitanteri wa Gitaramuka Pascaline Ndagijimana amenyesha ko yikeka ko amatati y’amatongo yoba ari inyuma y’ubu bugizi bwa nabi. Abantu babiri bikekwa kubigiramwo uruhara batawe muri yompi n’igipolisi.

Ico gitero ca grenade cakozwe ku mugwa mukuru wa politike cabaye inyuma y'icabaye ku kibuga c'indege ca Bujumbura, umugwa mukuru w’ubutunzi mw'ijoro ry'uwa gatandatu rishira uw'Imana. Cemanzwe na Red Tabara, umugwi w'abagwanyi b'Abarundi bafise ibirindiro muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo mu ntara ya Kivu y’ubumanuko mu buseruko bw’ico gihugu. Ariko umuvugizi w'igisirikare c'Uburundi, Colonel Floribert Biyereke yavuze ko ivyo ari "ibihuha".

Umukuru w'igihugu c'Uburundi yitavye inama igira 76 ya ONU y’abakuru b’ibihugu n’ama Reta aherekejwe n’umutambukanyi wiwe yakoresheje ico kibuga c'indege rudende Uburundi bufise avugirizwa ingoma n'aho umuvugizi w'uwo mugwi witwaje ibigwanisho we yemeje kuri Radiyo ijwi ry'Amerika ko intambara zabandanije kuri uwu w'Imana hagati y'abagwanyi bawo n'igisirikare c'Uburundi mw'ishamba cimeza rya Rukoko ahari ibigo vy'ikibuga c'indege ca Bujumbura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG