Uko wahagera

USA: Hashobora Kuba "Shutdown" ya Kabiri mu Misi Itanu


Ifoto ya Perezida wa Amerika Donald Trump n'umukuru w'abashingamateka b'Abademokrate Nancy Pelosi
Ifoto ya Perezida wa Amerika Donald Trump n'umukuru w'abashingamateka b'Abademokrate Nancy Pelosi

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, kuri uno wa mbere yagirije Abademokrate batavuga rumwe nawe ko bariko bariteza utunyoni mu kongera inzitizi ku biganiro bigamije kuraba ingene ibikorwa vya reta bitosubira guhagarara.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Trump yavuze ko Abademokrate hari bishasha bariko barasaba kugira haboneke amasezerano. Muri vyo harimwo ukudata mu mvuto canke ugusubiza inyuma abanyamahanga Trump yise "inkozi z'ikibi", binjira ku butaka bwa Amerika bidaciye mu mategeko.

Ukutumvikana kwa mbere hagati ya Trump n'inama nshingamateka kwari gushingiye ku miliyaridi zitanu n’imiliyoni amajana indwi y’amadolari Perezida Trump yari yasavye kugira hashobore kwubakwa uruhome ku rubibe Amerika ihana na Mexique.

Kuri ino ncuro mu gihe ibiganiro bikomeje intambamyi nyamukuru ni ikibazo c'ibitigiri vy'abimukira binjira ku butaka bwa Amerika bidaciye mu mategeko.

Abademokrate bipfuza ko amafaranga akoreshwa mu guta mu mvuto abinjiye ku butaka bwa Amerika bidaciye mu mategeko agabanywa cane. Basigura ko ayo mafaranga ari umurengera, bagasaba ko ibitigiri vy'abahagarikwa bamaze gushika ku butaka bwa Amerika bigabanuka.

Ibiro vya Perezida Trump, abashingamateka n’abakenguzamateka bafise kugera ku munsi wa gatanu bakaba bashoboye aho bahuriza, bitabaye uko imirimo ya Reta ikongera guhagarikwa.

Reta ya Amerika yarahagaritse imirimo imwe imwe mu kiringo c'iminsi 35 guhera igenekerezo rya 25 ukwezi kwa mbere bivuye ko mpande zompi zitashoboye kwumvikana ku mafaranga yoshirwa mu mugambi wa Perezida Donald Trump wo kubaka uruhome rugabura Amerika na Mexique.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG