Uko wahagera

Ibikorwa vya Reta ya Amerika Biracahagaze


Imwe mu nzu ikoreramwo Reta ya Amerika
Imwe mu nzu ikoreramwo Reta ya Amerika

Imirimo imwe imwe ya Reta ya Amerika irugaye gushika n’imiburiburi ku musi wa kane w’iyi ndwi. Yamara iyo mirimo ishobora kwugara mu kiringo c’imisi itari mike mbere n’indwi z’inyuma yaho.

Perezida Donald Trump aracatsimbataye kuho ahagaze mu gusaba amafaranga agenewe uruhome ku nkengera z’urubibe hagati ya Amerika na Mexique. Ivyo ni mu gihe Abademokrate babandanya kudashigikira na gato amafaranga yerekeye urwo ruhome.

Uno musi ku wa mbere Trump yatangaje ku rubuga Twitter ko Abademokrate nka bose bari bashigikiye bikomeye uruhome ku rubibe na Mexique. Ngo yamara bararwanije ico ciyumviro inyuma yuko kibaye kimwe mu bindi bikomeye yashize imbere mu gikorwa c’ukwiyamamariza kuba perezida.

Bubaye ubugira kane mu kiringo c’imyaka itanu Congre ya Amerika n’ibiro vya prezida bidashobora kwumvikana ku mafaranga Reta yokoresha n’imigambi ayo mafaranga yokoreshwako.

Perezida Trump yatangaje ku musi wa gatanu ko Amerika ikeneye uruhome ku nkengera z’urubibe n’igihugu ca Mexique kugira bikomeze umutekano w’igihugu.

Inama nshingamateka igizwe ahanini n’Abarepublikani yaremeje integuro y’itegeko ryerekeye amafaranga Reta yokoresha harimwo n’amafaranga yerekeye uruhome ku rubibe na Mexique.

Yamara nta majwi ahagije ahari kugira integuro y’iryo tegeko irengane mu nama nkenguzamateka aho abademokrate bayirwanya bikomeye cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG