Uko wahagera

Kuki Reta y'Amerika Yakugara Imirimo ku Musi wa Gatanu?


Ahakorera Inama nshingamateka ya Amerika
Ahakorera Inama nshingamateka ya Amerika

Intambara yo gufunga cyangwa kurekurira gukora abakozi ba Reta y’Amerika birakomeje hagati ya Perezida Donald Trump n'inama nshingamateka. Gushika ubu, nta bimenyetso vyerekana ko hari intambwe mu gutorera inyishu ivyerekeye amafaranga Reta ya Amerika izokoresha mu bihe vyimirije. Ivyo bishobora gutuma imirimo imwe imwe ya Reta yugara igihe c’isaha zitandatu zo mw’ijoro ku musi wa gatanu wimirije.

Ibitera ico kibazo ni uko Prezida Trump asaba ko inama nshingamateka na nkenguzamateka zemeza imiliyaridi 5 z’amadolari mu mafaranga azokoreshwa mu kubaka uruhome ku nkengera z’urubibe hagati ya Amerika n’igihugu ca Mexique.

Mu nama nshingameteka abademokrate na bamwe mu barepublikani ntibashigikiye uwo mugambi. Abayobozi b’abademokrate bemeye gutanga umuliyaridi n’imiliyoni amajana atatu y’amadolari ku bijanye n’umutekano kuri urwo rubibe.

Perezida Trump yakoresheje urubuga, Twitter, mu kwifatira mu gahanga abademokrate ejo ku musi wa mbere. Ivyo ni mu gihe izo mpande zibiri zitarumvikana na gato.

Yamara kugira batume imirino imwe imwe ya Reta itugara ku musi wa gatanu, abademokrate n’abarepublikani bashobora gushika ku masezerano yo mu kiringo gitoyi yotuma ibikorwa vyose vya Reta bibandanya gushika mu mpera z’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG