Uko wahagera

USA: Government Shutdown Igeze ku Musi Wayo Ugira 31


Imyigaragambyo ya bamwe mu bakozi ba reta y'Amerika kubera kudahembwa
Imyigaragambyo ya bamwe mu bakozi ba reta y'Amerika kubera kudahembwa

Iyugarwa ry’imirimo imwe imwe ya Reta ya Amerika rigeze ku musi wa 31 uno musi ku wa mbere mu gihe Prezida Donald Trump ariko asaba kwumvikana n’abademokrate.

Umugambi wa Prezida Trump wokingira mu kiringo c’imyaka itatu abimukira ibihumbi amajana n’amajana baje mu gihugu mu buryo budaciye mu mategeko igihe bari abana, hamwe n’ugukingira abantu bahunze ibihugu vyabo kubera ubwicanyi n’uruhagarara canke Ibiza n’ivyaduka.

Muri ico gihe Trump ashaka ko abademokrate bamuha imiliyaridi zitanu n’imiliyoni amajana indwi y’amadolari agenewe uruhome ku nkengera z’urubibe n’igihugu ca Mexique.

Abademokrate ntibashigikiye na gato urwo ruhome bavuga ko atari inyishu kandi rwotwara amafranga y’ubusa. Bashaka ko Trump n’abarepublika basubira kwugurura imirimo ya Reta yugaye ubwa mbere na mbere hanyuma babone kuganira ku bibazo bijanye n’umutekano ku rubibe n’igihugu ca Mexique.

Mu gihe iyugarwa ry’imirimo imwe imwe ya Reta ribandanya, abakozi ba reta y’Amerika bagera ku bihumbi 800 babandanya gukora badahembwa mu gihe abandi badatonda ku kazi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG