Uko wahagera

USA: Shutdown Yahombeje Amerika Imiliyaridi 11 z'Amadolari


Bamwe mu bakozi ba reta y'Amerika baragaragaje umubabaro wabo imbere ya Congress, inteko nshingamateka
Bamwe mu bakozi ba reta y'Amerika baragaragaje umubabaro wabo imbere ya Congress, inteko nshingamateka

Iyugarwa ry’imirimo imwe imwe ya Reta ya Amerika yamaze igihe kirekire cane mu bitari bwabe mu mateka y’igihugu yatumye ubutunzi bw’igihugu butakaza imiliyaridi zitazu z’amadolari atazosubira kuboneka. Ivyo ni ivyatangajwe n'urwego ruha inteko shingamateka y'Amerika amakuru ajanye n'amafranga ya Reta n’ubutunzi, “Congressional Budget Office”, CBO, mu mpfunyapfunyo.

Urwo rwego ruvuga ko ingaruka z’iyugarwa ry’imirimo imwe imwe ya Reta ryamaze imisi 35 ryerekanye ko ubutunzi bw’igihugu bwatakaje imiliyaridi 3 z’amadolari mu misi ya nyuma y’umwaka w’i 2018 inyuma yuko iryo yugarwa rigiye mu ngiro kw’italiki 22 z’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye.

Ubutunzi bw’igihugu bwatakaje iyindi miliyaridi 8 y’amadolari mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka w’i 2019. Yamara urwego, CBO, rumenyesha ko abakozi ba Reta ibihumbi 800 bari babaye barahagarikwa mu kazi canke bakora badahembwa bazoronswa amafranga baheraniwe mu misi iri imbere.

Urwo rwego rutangaza amafranga nka yose yatakaye azosubira kugaruka mu butunzi bw’igihugu mu misi iri imbere kiretse imiliyaridi zitatu z’amadolari yatakajwe burundu.

Prezida wa Amerika, Donald Trump, yarumvikanye n’abademokrate hamwe n’abarepublika bagize inteko ishinga amategeko ku vyerekeye guhagarika iyugarwa ry’imirimo imwe imwe ya reta. Bumvikanye gushiraho kandi umurwi ujejwe kuganira ku ngingo zerekeye kwubahiriza umutekano ku rubibe hagati ya Amerika na Mexique.

Imirimo imwe imwe ya Reta yari yugawe kubera Prezida Trump yari yasavye imiliyaridi zitanu na miliyoni 700 y’amadolari agenewe uruhome ku rubibe na Mexique. Yamara abademokrate batavuga rumwe nawe bari banse kumuha ayo mafranga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG