Uko wahagera

Pierre Buyoya Yigeze Kuyobora Uburundi Yitavye Imana


Ifoto y'umuhisi Pierre Buyoya
Ifoto y'umuhisi Pierre Buyoya

Petero Buyoya yayoboye Uburundi incuro zibiri kuva mu 1987 gushika mu mwaka w’1993, no kuva mu 1996 gushika mu mwaka 2003 yitavye Imana. Icamuhitanye Ijwi ry'Amerika ntirirashobora kumenya neza ico ari co. Gusa, bamwe mu begereye umuryango wiwe bahaye Ijwi ry'Amerika aya makuru bavuze ko ashobora kuba yari "arwaye ikiza ca Virusi ya Corona."

Majoro Pierre Buyoya ashengeye afise imyaka 71. Hari haheze indwi zitatu atanze imihoho mu mabanga y’intumwa idasanzwe y’Ubumwe bwa Afrika muri Mali n'akarere ka Sahel. Atanga imihoho, yavuze ko abikoze kugira aronke umwanya ukwiye wo gukurikirana urubanza yari aheruka gucirwa na sentare ntahinyuzwa yo mu Burundi muri dosiye y'igandagurwa rya Melchior Ndadaye, na we yahoze atwara Uburundi.

Muri urwo rubanza, ubutungane bw’Uburundi mu kwezi kw'icumi bwari bwamuciriye umunyororo wo gufungwa ubuzima bwiwe bwose, co kimwe n’abandi basirikare b’intwazangabo bari kumwe ku butegetsi muri ico gihe.

Pierre Buyoya yabaye intumwa idasanzwe y’Ubumwe bwa Afrika muri Mali n'akarere ka Sahel mu kiringo c'imyaka 8. Yaragize n’uruhara rukomeye mu biganiro vyahuje Reta n’abasirikare baheruka gutembagaza ubutegetsi bwa Mali, kugira ubutegetsi busubire mu minwe y’abasivile.

Perezida Buyoya yatwaye Uburundi ibiringo bibiri, afashe igihugu biciye mu gutembagaza ubutegetsi. Ubwa mbere hari kuva mu mwaka w’1987 gushika mu mwaka w’1993, ubwa kabiri hari kuva mu mwaka w’1996 gushika mu mwaka w’2003, hamaze gusinywa amasezerano ya Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG