Uko wahagera

Perezida Nkurunziza Ashobora Gushingurwa mu Ntara ya Gitega


Amakuru Radiyo Ijwi ry’Amerika ikesha umurwi ujejwe gutegura amaziko ya Perezida Pierre Nkurunziza n’aho utarayatangaza ku mugaragaro, n’uko ata gihindutse nyakwigendera Nkurunziza azoshingurwa ku murwa mukuru wa politike i Gitega.

Ikibanza bitegekanijwe ko azoshingurwamwo kiri muri karitiye ya Musinzira, kw’ibarabara bita ku rya Muyinga, ahari icibutso c'abaguye mu bwicanyi butandukanye mu Burundi.

Mu gatondo ko kuri uno wa kabiri, inyubakwa ziri muri ico kibanza, zariko zirabomorwa abandi bahinga mu vy’ubwubatsi bapima neza ico kibanza. Ivyo bikorwa vyari bihagarariwe na Jean Bosco Ntunzwenimana Umushikiranganji ajejwe inyubako n’ibikorwa vya Reta.

Hagaragaye kandi Zéphyrin Maniratanga, ajejwe gutunganya ingendo no kwakira abashitsi b’Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ari nawe arongoye umurwi ujejwe gutegura ishingurwa ryiwe.

Abakozi bakuru bakuru b’iperereza ry’Uburundi no mu Gipolisi, baguma bakurakuranwa muri ico kibanza biboneka ko kiriko kirategurwa ikintu kidasanzwe.

Uko umwanya ugenda, abakozi n’abajejwe umutekano ni ko baza bariyongera muri ico kibanza ubona ko bakeneye ko ibikorwa vyihutishwa.

Nta mutegetsi n’umwe arashima gushira ahabona ibikorwa bariko barategura kuzokorera muri ico kibanza. Ivyo bimeze gutyo, mu gihe hari hagize imisi havurwa ko hari ikibazo c’ahoshingurwa Perezida Nkurunziza.

Amakuru ava mu begereye umupfasoni wiwe, avuga ko umuryango wiwe usaba ko uwabo yoshingurwa kukirimba ciwe kiri i Mwumba, mu Ntara ya Ngozi, mu buraruko bw’Uburundi aho asanzwe avuka.

Iyindi mirwi ibiri, igizwe n’ibihangange vyo mumugambwe CNDD- FDD, Perezida Nkurunziza asanzwe abereye imboneza yamaho, bamwe baripfuza ko yoshingurwa ku Kirimba citiriwe umwami Ntare Rushatsi kiri i Bujumbura ku murwa mukuru w’ubutunzi. Uwundi murwi muri ivyo bihangange nawo, bipfuza ko Perezida Nkurunziza yohambwa i Gitega ku murwa mukuru wa Poritike.

Perezida Petero Nkurunziza, yapfuye mu ntango z’indwi irangiye, aguye mu bitaro vyitiriwe ikinjana biri I Karusi hagati mu Burundi. Umuvugizi wa Reta y’Uburundi Prosper Ntahorwamiye yavuze ko yagize uburwayi bw’umwanya muto bituma umutima uhagarara.

Amakuru atangwa n'abegereye umupfasoni wiwe Denise Bucumi avuga ko yoba yarasavye ko hokorwa ibizamini vyerekana neza icahitanye umunega wiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG