Uko wahagera

Perezida Buhari Yasubiye Kwivuza mu Bwongereza


Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari
Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari

Perezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari yasubiye kuja kwivuza i Londres mu Bwongereza, inyuma y'aho atangarije ko ategekanya kuja kubonana n'umuganga wiwe.

Iyo nkuru yatumye haba amakenga ku magara yiwe mu gihe hasigaye musi y’umwaka ngo habe amatora y’umukuru w’igihugu.

Mu gihe Buhari ariko arondera gusubira kwitoreza iyindi manda muri uyu mwaka w’i 2018, yarihojeje akamo k’abanyepolitike bakomeye k’ukubisira umukandida akiri muto kandi afise inguvu.

Perezida Buhari w'imyaka 75 yamaze ikiringo kirenga amezi atanu i Londers, mu mwaka uheze, yivuza indwara itaramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG