Uko wahagera

Nijeriya: Perezida Buhari Azokwitoza muri 2019


Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari
Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari

Ikinyamakuru c’Abongereza Reuters gitangaza ko umukuru w’igihugu ca Nijeriya Muhammadu Buhari azokwiyamamaza mu matora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka w'2019. Bavuga ko vyatangajwe n’ibiro vyiwe kuri uno musi wa mbere. N’inyuma y’aho abantu bari bamaze igihe bavyibazako cane bitewe n’amagara yiwe atari yifashe neza mu mezi atari make aheze.

Uwo mutama w’imyaka 75 yamaze igice kitari gito c’umwaka uheze mu Bwongereza kwivuza ingwara ibiro vyiwe bitashimye kumenyesha. Abatavuga rumwe na reta baramwagirije kuba atari afise ubushobozi bwo kurangura amabanga yiwe nk’umukuru w’igihugu kandi ko na reta yiwe itariko irangura ibikogwa vyayo nk'uko bikwiye.

Perezida Buhari yahoze ari umusirikare w’ipete rya jenerali, yigeze kuyobora igihugu ikiringo gito ahava akurwa ku butegetsi na Coup d’Etat yabaye mu mwaka w'i 1985.

Mu mwaka w'i 2015 niho uwo mutama wo mw’idini rya Kiyisilamu akaba aturuka mu ntara y’uburaruko bw’igihugu yatsinda amatora yahiganyemwo na Perezida Goodluck Jonathan wo mu mugambwe People’s Democratic Party (PDP).

Ku rubuga rwabo rwa twitter, ibiro vya perezida Buhari vyamenyesheje ko yiteguriye guserukira umugambwe wiwe wa All Progressives Congress mu matora yimirije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG