Uko wahagera

Perezida Buhari Yagaragaye i Londres mu Bwongereza


Isanamu ya mbere ya perezida w’igihugu ca Nigeriya, Muhammadu Buhari yashizwe ahabona ku musi w’Imana.

Ivyo inyuma y’ikiringo c’imisi mirongo irindwi n’umunani, kuva agiye kwivuza mu gihugu c’Ubwongereza. Isanamu yamwerekanye ariko aramwenyura mu gihe yariko afungura mu nama i Londres, n’ababulamatari b’intara zigize igihugu, bari baje bava muri Nigeriya.

Umuhanuzi wa Perezida Buhari, Femi Adesina yashize iyo sanamu ku rubuga Facebook, n’ivyavuye mu nama yabaye ku musi w’Imana.

Amenyesha sko Perezida Buhari yari afise akamwemwe mu biganiro yagiranye n’ababulamatari b’intara zigize Nigeriya yamaze ikiringo kirenga isaha. Nta makuru yigenga yemeje kw’iyo sanamu ar’iy’ukuri.

Perezida Buhari amaze hafi y’imisi ijana na mirongo ibiri n’umunani ari hanze y’igihugu yagiye kwivuza mu Bwongereza.

Ivyo vyatumye haba urukurukuru mu mu gihugu ku vyerekeye amagara yiwe.

Yamara umuhanuzi wiwe, Femi Adesina avuga kw’Abanyanigeriya bakwiye kutagira impungenge. Atangaza ko Perezida Buhari azotahuka mu gihugu ciwe buno nyene inyuma yuko abaganga babimuhereye uburenganzira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG