Uko wahagera

Nijeriya: Perezida Buhari Yasubiye i Londres Kwisuzumisha


Muhammadu buhari
Muhammadu buhari

Umukuru w’igihugu ca Nijeriya Muhammadu Buhari kur'uyu w’Imana niho yafata indege imujana i Londres m’Ubwongereza kwisuzumisha ukundi gushasha. Ayo makuru yatangajwe n’umuvugizi mu biro vya perezida, Femi Adesina.

Buhari yagiye ahejeje kubonana n’abanyeshure b’abigeme 82 babohowe n’umuhari wa Boko Haram. Abo bigeme bari mu murwi w’abashika 276 banyurujwe n’abo barwanyi m’umwaka w’2014, kandi ibohorwa ryabo Buhari yarishize mu vyihutirwa kuri manda yiwe nk’umukuru w’igihugu

Uwo muvugizi atangaje ivyo mugihe hariko hanuganugwa ko amagara ya Buhari, ubu aza afise imyaka 74 atifashe neza.

Buhari yar’amaze igihe gishika ukwezi atitavye inama n’imwe y’abashikiranganji, akaba yakorera m’urugo iwe. Ariko igihe azomara i Londres nticamenyeshejwe ariko ngo bizovana n’ivyo abaganga bazomubwira.

Mwibuke ko Buhari yatahutse muri Nijeriya mu ntango z’ukwezi kwa gatatu, amaze indwi umunani I Londres kwivuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG