Uko wahagera

Perezida Biden Yashikirije Amakenga Yiwe kuri Etiyopiya


Ifoto ya prezida w'Amerika Joe Biden n'umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed
Ifoto ya prezida w'Amerika Joe Biden n'umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yavuganye n’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed kuri uyu wa mbere. Yamushikirije amakenga afise ku ruharagara mu gihugu hamwe n’ibitero vy’indege biheruka, vyishe abasivile 56 mu ntara ya Tigre.

Perezidanse ya Amerika, White House, yavuze ko abo bategetsi babiri baganiriye ku kunyarutsa ibiganiro bigamije gushika ku mwumvikano wo guhagarika intambara. Ni inyuma y’umwaka urenga abasivile ibihumbi bishwe hamwe n’abarenga imiriyoni zibiri bahunze ingo zabo.

Perezidanse ya Amerika yavuze ko Perezida Biden yashimikiye ku gukomeza gushikana imfashanyo ku banyetiyopiya, no gutorera umuti ibibazo vy’agateka ka muntu ku banyetiyopiya bose, harimwo abatawe mu mabohero igihe igihugu cari mu bihe bidasanzwe.

Reta ya Biden ntaco yashikirije kuco umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed yishuye ku makenga ya Perezida Biden.

Iki kiganiro hagati y’abo bategetsi babiri kibaye mu gihe amashirahamwe atanga imfashanyo yahagaritse ibikorwa mu buraruko bushira uburengero bw’intara ya Tigre, hafi y’urubibe na Eritreya. Ni inyuma y’igitero c’indege co ku musi wa gatanu cishe abasivile 56 bakuwe mu ngo zabo n’intambara hamwe n’abandi 30 bakomeretse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG