Uko wahagera

ONU Yahagaritse Imfashanyo Ahabereye Igitero c'Indege muri Tigre


Abanyagihugu bamuka muri Tigre bari mu myiyerekano muri Washington ku ntambara yo muri Etiyopiya, kw'itariki ya 22/12/2021
Abanyagihugu bamuka muri Tigre bari mu myiyerekano muri Washington ku ntambara yo muri Etiyopiya, kw'itariki ya 22/12/2021

Amashirahamwe atanga imfashanyo yahagaritse ibikorwa mu gice co mu ntara ya Tigre, ahagabwe igitero c’indege kw’ikambi y’abateshejwe ingo zabo n’intambara imaze amezi 14 muri Etiyopiya. Ibi vyavuzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuri uyu w’Imana.

Iki gitero cagabwe inyuma y’amasaha reta ya Etiyopiya iteye akamo gasaba abenegihugu gusubiza hamwe. Ni inyuma kandi y’aho amakungu asabiye ko izo ntambara zihagarara.

Ibiro vya ONU bijejwe imfashanyo (OCHA) vyavuze ko igitero co ku musi wa gatanu mu gisagara ca Dedebit mu buraruko bushira uburengero bwa Tigre cahitanye abasivile batari bake. OCHA rivuga ko rihagaritse ibikorwa muri ako karere kubera iterabwoba baterwa n’indege za drone.

Abarobeli bo muri Tigre bavuze ku musi wa gatandatu ko iki gitero cishe abantu 56, mu gihe amakuru atangwa n’ibitaro bikuru vy’iyo ntara, ku murwa mukuru Mekele yo avuga ko hapfuye abantu 55 hamwe n’126 bakomeretse.

Nta makuru yigenga arashikiriza abapfuye kuko ata bamenyeshamakuru binjira muri iyo ntara kandi n’itumatumanako ryaraciwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG