Uko wahagera

Intumwa ya Amerika Izoja muri Etiyopiya Gusaba Ibiganiro vy'Amahoro


Jeffrey Feltman, intumwa idasanzwe ya Amerika mw'ihembe rya Afrika
Jeffrey Feltman, intumwa idasanzwe ya Amerika mw'ihembe rya Afrika

Intumwa idasanzwe ya Reta zunze ubumwe za Amerika mw’ihembe rya Afrika, Jeffrey Feltman, azogendera Etiyopiya kuri uyu wa kane kuganira n’abategetsi bakuru b’ico gihugu ku mugambi w’amahoro wiyaguye. Ibi vyavuzwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire n’ayandi makungu, Ned Price kuri uyu wa kabiri.

Uru rugendo rutangajwe inyuma y’aho abarobeli, mu mezi aheze bari baragabishije kwinjira ku murwa mukuru Addis Abeba. Mu nyuma reta ivuga ko yabirukanye mu birindiro vyabo. Reta ya Etiyopiya yavuze ko inteko zayo zitazobakurikirana mu ntara yabo ya Tigre.

Uru rugendo ruje kandi inyuma y’aho Amerika igiriye ishavu, ikura Etiyopiya mu masezerano y'ubucuruzi hagati ya Afurika na Amerika yitwa AGOA, kubwo guhungabanya agateka ka muntu mu bihe vy’intambara.

Amerika hamwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu bavuga ko Etiyopiya yazibiye ibifungurwa vyo gufasha abanyagihugu kandi bavuga ko habaye ubwicanyi kivunga hamwe n’ugufata abagore ku nguvu. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG